Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Singapour : Igikomo gitabariza umugore agire afatwe ku nguvu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Singapour : Igikomo gitabariza umugore agire afatwe ku nguvu (...)

Singapour : Igikomo gitabariza umugore agire afatwe ku nguvu cakozwe

mercredi 11 Ruheshi 2014

Mu gihugu ca Singapour, harakozwe igikomo co gutuza abo bose bari barigize kayoberabahinga mu guhohotera ubuzima bw’abakenyezi, mu kubafata ku nguvu.

Ishirahamwe JWT ryo mu gihugu ca Singapour ryashize kw’isoko igikomo (collier/bracelet) gikozwe mu buryo bwa kijambere, gitabaza iyo hagize uwushaka guhohotera umugore wese acambaye.
Nkuko urubuga ngurukanabumenyi "terrafemina" dukesha iyo nkuru rubimenyesha, ico gikomo ciswe "Malayila Murinzi" gikozwe mu muringa, kikaba cambarwa ku kuboko nka kurya isaha yambarwa.

Abahinga bagikoze bakavuga ko ico gikomo bise Malayila Murinzi kizohora gitabaza igihe umugore azoba agire afatwe ku nguvu, canke agire ahohoterwe. Mu gutabaza, umugore azobona agire ahohoterwe, azofyonda aka "Bouton" kari kuri ico gikomo, ico naco kikazoca gihamagara terefone ngendanwa y’umuntu inomero ziwe zizoba zatanzwe. Izo nomero za ngendanwa zizoba zanditswe ku muntu uwo mukenyei azoba yaratanze, kugira azoshobore kuza gutaba hakiri kare.

Ico gikomo kandi gikozwe mu buryo igihe habaye ihohoterwa, uwo bazoba batanze inomero ziwe muri ico gikomo, azoshobora kubona gato amasanamu y’umuntu azoba agire afate uwo mukenyezi ku nguvu.
Kimwe muvyatumye ishirahamwe JWT rikora ico gikomo, akaba kwari ukugira bahane abagabo bama bashaka guhohotera ubuzima bw’abagore, igihe baba babatumiye mu kabare, kuko baca bashaka kubafata ku nguvu baborewe.


Mariella Bukuru

Messages

  • Ico kintu Malayika Murinzi w’abagore cari caratevye kuza. Ni uko rere "le crime fait avancer le monde" n’ibindi biracaza. Ariko rero n’abagabo bamwebamwe bagihabwe. Hari abari barageseye ntibagire n’aho bitura kuko atawurota yumviriza ivyo bavuga usivye kuvyemera, bagahitamwo guhonyorerako ngo umugabo arinda akaje.

  • hi ico gikomo none cons cites ngwiki Muri English namadollars kigugwa? Yari anne

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.