Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siriya:75 baguye mu bitero vyo mu kirere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya:75 baguye mu bitero vyo mu kirere

Siriya:75 baguye mu bitero vyo mu kirere

mercredi 2 Nzero 2013

Abaharanira amahinduka muri Syria bavuga kw’igitero cagabwe n’indege mu karere ka Mleiha ku nkengera za Damas, agace mu bisanzwe kazwi ko katagiramwo abarwanya ubutegetsi.

Ico gitero cahitanye abantu 75 barimwo abana n’abagore.
Abaharanira amahinduka muri Syria bavuga kw’abandi bantu 40 baguye mu bitero bindi nk’ico mu muji wa Damas, harimwo icagabwe kw’ihinguriro ry’imikate aho abantu bari batonze kugura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritangaza igitigiri c’abamaze kurwa mu ntambara ya Syria ko kija kirenga 60 000.

Uwujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe ONU Navi Pillay, avuga kw’ivyo biharuro bishingiye kw’itohozwa ryakozwe mu kiringo c’amezi atanu, habajijwe impande indwi zitandukanye.

Ibi bitigiri birenze ivyavuzwe n’abarwanya leta ya Assad baharura ko hishwe 45 000


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.