Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siriya : Abanyagihugu bariko bahungira muri Irak - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Abanyagihugu bariko bahungira muri Irak

Siriya : Abanyagihugu bariko bahungira muri Irak

lundi 19 Myandagaro 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha abanyagihugu bagera ku bihumbi cumi bavuye muri Siriya, bakomeza guhungira mu ntara ya Kurdistan yo muri Irak ku mpamvu zitaramenyekana.

Abo banyagihugu b’impunzi zo muri Irak bajabukiye ahitwa Peshkhabour ku munsi w’ejo igenekerezo rya 18 Myandagaro 2013. Amakuru atangwa na BBC amenyesha ko imvo z’ukwo guhunga kw’abo banyagihugu zitaramenyekana kugeza ubu.

Ubuyobozi bwo muri iyo ntara izo mpunzi zirimwo, n’amashami y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko barajwe ishinga cane no gufasha izo mpunzi mu gihe muri Irak hari hasanzwe abandi banyagihugu b’impunzi z’Abanyasiriya ibihumbi 150 zahunze igihugu cabo kuva intureka z’abarwanya ubutegetsi zitanguye ku genekerezo rya 15 Ntwarante umwaka w’2011.

Izo mpunzi ziriko zihunga ku bwinshi mu gihe i Damas ku murwa mukuru wa Siriya biteguriye kwakira intumwa z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 62.8 ko
Abanyagihugu bo muri Siriya bariko bahungira muri irak ku bwinshi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.