Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siriya: Icegeranyo ku birwanisho ruhonyanganda bikoreshwa casohotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya: Icegeranyo ku birwanisho ruhonyanganda bikoreshwa casohotse

Siriya: Icegeranyo ku birwanisho ruhonyanganda bikoreshwa casohotse

lundi 16 Nyakanga 2013

Icegeranyo c’abakoze amatohoza ku vyerekeye ibirwanisho ruhonyanganda n’ivyuka vy ‘ubumara vyoba bikoreshwa n’igihugu ca Siriya vyashizwe ahabona mu nama nkuru y’umutekano ya ONU.

Muri ico cegeranyo casohotse kuri uyu munsi wa mbere igenekerezo rya 16 Nyakanga basanze igihugu ca Siriya gikoresha ivyuka vy’ubumara bita gaz Sarin. Ubwo nabwo akaba ari ubumara butamota ,budafise ibara , buguruka. Ni uburozi bwica umuntu canke igikoko. Ndetse bwica kurusha ubundi bwitwa Cyanure. Ubwo bumara bukaba bwarakoreshejwe cane muri Siriya mu gutikiza inganda .

Mwomenya ko imbere yuko ico cegeranyo gisohoka , abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi b’Ubufaransa , Ubwongereza na Leta Zunzubumwe z’Amerika bifuza ko iyo nama y’umutekano ya ONU itanga inyishu ishemeye ijanye n’ico kibazo ca Siriya. Bizeye ko ingingo yiyo nama y’umutekano iza gufata ingingo itomoye niyamara gusoma ico cegeranyo. Gutyo itume batera intambwe yindi mu vyerekeye ico kibazo .Mwomenya kandi ko ivyo bihugu uko ari bitatu bimenyesha ko naho inyishu yatanzwe n’igihugu c’Uburusiya itokunda mu maguru masha baraciteguye gutera ico gihugu.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.