IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > "Site ya Ruhororo si igihugu kiri mu kindi"

"Site ya Ruhororo si igihugu kiri mu kindi"

mercredi 27 Munyonyo 2013

Akajagari kamaze iminsi mw’ikambi y’impunzi yo ku Ruhororo mu ntara ya Ngozi, koba gakokezwa na bamwe mu banyeporitike boba bari inyuma yako nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’umutekano w’abanyagihugu, mu gihe uguhangana kw’impunzi z’aho ku Ruhororo kwamaze amasaha arenga 48, ku va kuri uyu wa mbere, ndetse n’amabarabara akugazwa ibiti n’amabuye.

Gabriel Nizgigama, umushikiranganji w’ umutekano w’abanyagihugu igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka, akaba yamenyesheje ko badashobora kwihanganira, bamwe mu mkpunzi bakora amakosa, bagaheza bagaca bahungira muri iyo kambi, nk’aho umenga boba bahungiye mu kindi gihugu nka Tanzaniya, Urwanda canke Congo. Nizigama, akavuga ko abateye akajagari, bagahungira muri iyo kambi y’abateshejwe izabo aho ku Ruhororo ukwo vyogenda kwose bakaba botegerezwa kubakurayo.

Ku va kuri uyu wa mbere rero, tukabamenyesha ko muri iyo kambi yo ku Ruhororo atamurimo n’umwe waharanguriwe, ndetse n’abanyeshure bakaba batize. Kuri uyu wa kabiri hoho, bikaba vyari bikomeye, kuko uwurongoye igiporisi mu ntara z’Uburaruko ariwe yoba yari yishikiye kwitorera bamwe mu basore n’abagabo bo muri iyo kambi bagirizwa kuba bagumura abandi. Abagabo n’imisore bashika kuri 50 akaba aribo bari bamaze gufatwa, gushika igihe c’isaha zine z’agatondo. Abaho ku Ruhororo, bakaba baciye bazibira amabarabara, nk’uko amakuru ava aho mw’ikambi y’impunzi abivuga, kugira ntihagire n’umwe batwara. Abarenga kuri 20 bakaba aribo bafashwe, bajanwa gupfungwa. Izo mpunzi zikagiriza ko igiporisi coba cakoresheje zimwe mu mbonerakure za CNDD FDD kugira abe arizo ziza zirabereka uwo bafata, ayandi makuru akavuga ko hoba hari n’urundi rutonde rwoba rwarakozwe na musitanteri, urwo narwo rukaba ruriko amazina y’abategerezwa gufatwa.

Buramatari w’intara ya Ngozi Claude Nahayo, amenyesha ko hari zimwe mu mpunzi zoba ziriko zitera ubwoba umurwi washizweho kugira ufashe abagomba guhunguka ku bushake bwabo. Buramatari akamenyesha ko, uyo murwi wabatera ubwoba abandi woba ugizwe n’abasore bo muri iyo kambi hamwe n’abandi mu bagabo bahaba, mu gutera amagrenade no mu gusambura amazu y’abashaka gusubira iyo baje bava. Nahayo asaba impunzi zishaka gusubira ku mitumba yabo ko bazozifasha kugira zisubire iyo zaje ziva, izishaka kuguma aho nazo, akavuga ko bazozimurira ahandi, kuko banyene amatongo yaho ku Ruhororo bariko barayasaba.

Tukabamenyesha ko zimwe mu mpunzi zaho ku Ruhororo, zirahira zikarengwa ko zitarota zisubira ku mitumba zaje zivako, kuko zivuga ko abaziciye ababo mu mwaka w’1993 ariho bakiri.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ivyo vyiyumviro vyabo vyokudataha ngo nuko ababiciye ababo bakiri mumitumba,nobamenyeshako vyataye igihe vyashaje bitanakivurwa mugihugu cacu,none ko nzi abahutu bishe abatutsi,n’abatutsi nabo bakica abahutu ariko babanye neza mumitumba iwabo,no mubadutegeka murino ntwaro harimwo abategetsi b’abatutsi hamwe n’abahutu bamaze abantu babica ariko twaremeye barategeka igihugu.abo banyepolitike nabo bari inyuma yako kaguma,umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama nabavuge aberekane hama ubutungane bubacire urubanza co kimwe niyo misore yafashwe itera akaguma izibira ibarabara rya Ngozi na Gitega.

  • Ibintu ntivyoroshe muburundi mbega abo bigorewe nibo mubeshera ngo bateye ama Grenade!! Haruwutabizi ko izombonerakure zanyu arizo ziyatera zikabeshera abatavuga rumwe na Reta yabo nibareke kurenganya abo banyagihugu nayo gusubira iyo bavuye nikubushake bwabo sikunguvu namba babona umutekano wabo wobangamirwa nibabareke Gabriel Nizigama nawe areke gukokeza ingwano mubanyagihugu mbe ntiyumva ko igipolice cakoranye ni mbonerakure muri kirwa gikorwa cogufata abantu! Igikenewe nuguhumuriza abanyagihugu agategeka kwakajagari kahari kohagarara ntiyibaze yuko abanyagihugu tutabibona amabi bariko baradukorera

  • Banaba data musanzwe muba mwuri site ya Ruhororo natwetwaritwarahungiye mubihugu vyohanzeyu Burundi bamazekutubwira kodukwiye guhunguka twishizewo ko bamwe mubatutsi batwiciye kobazoca batumaririza bakatwica, arikotumaze guhunguka twasanze ukotwavyibaza atarikobimeze ahubwohokutwica turafashanya ijoronumutaga mukurondera ibizodutunga murikazoza. Ahubwo rekandabahe inkuru harumugabo waba tutsi baheruka guhwana numuhunguwiwe munyuma wamuhungu ahitamwo kwiyirukira harimwijoro nka saa 4 wamusore yagizeguti ahura nuyundi mugabo wumuhutu avuye kwidukaryiwe kudandaza yitahiye wamusore wumututsi amubwira ukovyagenze wamugabo wumuhutu yamubwiye uwomwana wumuhungu wumututsi ati: ingondagutware muhira iwanje nzogutwara muhira ejobukeye wamwana wumuhungu ngo urakoze aramutwara araryama bukeye aramujana iwabo amushikanye bamukubise ijisho bajebiruka kurwabunda uwomwana bongera bashimiri uwomugabo w’Umuhutu naweyongera abasigurira ahoyamusanze mwijoro ryasa 4 Muvyukuri ahobigereye uyumusi namuhutu, umututsi nankumutwa muburundi yorekakwitura uwobadahuje ubwoko wofuma ubura icumumarira arikontiwocumusimbirako ngumwice.Muragahorana ubugizibwaneza.

  • Nukuri ivyo muri iyi ya none birababaje mais ntakundi igikombe kristo yanywereyeko dutegerezwa kukinywerako natwe, igihambaye dusenge ubudasiba kuko nibiri inyuma bizosumba ivyo tubona, dukorere Imana bigishoboka kw’Ibonwa.

  • Abo badéplacés bo ku Ruhororo nivyo barakozweko n’intambara nkuko n’abandi barundi y’abakozeko aha nshatse kuvuga ko baba abahutu canke abatutsi intambara zihitiye mu gihugu cacu zarabahitanye. Kuvuga rero kobatotaha mu matongo yabo hakiriho ababiciye ababo sindavyumva kuko abarundi dukwiye gutahura ko mw’iki gihugu cacu bitazokwigera bibaho ko ubwoko bumwe bukibamwo ubundi butakiriho! nkabahanura ko botaha bakarima amatongo yabo na cane cane ko bari muri site bitaborohera hama CVR igiyeho uwakoze icaha azohanwe bataravye ko ari umuhutu canke umututsi kuko mu Burundi nta bwoko bweranda buriho.

  • ni Babark Bigumireho.Ko Hari Umugamb Wibirwati Non Kirya Sikirwati Barimwo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.