Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia: Sentare nkuru yararekuye Umumenyeshamakuru Abdiaziz (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Sentare nkuru yararekuye Umumenyeshamakuru Abdiaziz (...)

Somalia: Sentare nkuru yararekuye Umumenyeshamakuru Abdiaziz Abdinur

lundi 18 Ntwarante 2013

Sentare nkuru, muri Somalia, yararekuye umumenyeshamakuru Abdiaziz Abdinur, yari yapfunzwe kubera yagiranye ikiganiro, n’umupfasoni avurwa ko yafashwe ku nguvu n’inteko zijejwe umutekano muri Somalia.

Abdiaziz Abdinur n’uwo mupfasoni avurwa ko yafashwe ku nguvu n’inteko zijejwe umutekano, bari baciriwe umunyororo w’umwaka, ku vyagirizo vyuko batukishije icubahiro c’igihugu kandi bagize ivyo vyagirizo vy’ibinyoma kugira baronke amafaranga.

Abdinur, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali ejo ku musi w’Imana, ko yashimishijwe n’ukuba yararekuwe akaba yamenyesheje kw’ivyamushikiye bitazomubuza kubandanya igikorwa ciwe c’ukumenyesha amakuru.

Uwo mupfasoni avurwa ko yafashwe ku nguvu n’inteko zijejwe umutekano, muri Somalia, yatangaje ivyo vyabaye, igihe yaba mw’ikambi y’abataye izabo, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Ivyo vyatumye amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka muntu, nka Human Rights Watch, na The Committee to Protect Journalists, ahaguruka, ayo mashirahamwe akaba yavuze kw’ivyashikiye uwo mufpasoni, n’umumenyeshamakuru, Abdiaziz Abdinur, vyari bifatiye ku mpamvu za politike.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.