Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia: Umurwi al-Shabab wariyitiriye igitero ca Bombe mu Gisagara ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: Umurwi al-Shabab wariyitiriye igitero ca Bombe mu Gisagara ca (...)

Somalia: Umurwi al-Shabab wariyitiriye igitero ca Bombe mu Gisagara ca Mogadisho

mardi 29 Nzero 2013

Umurwi w’intagondwa z’AbaIslamu, al-Shabab, wariyitiriye igitero ca bombe c’umwihevyi, cabereye ku murwa mukuru wa Somalia Mogadisho ejo ku musi wa kabiri, cahitanye abantu babiri canke barenga, harimwo umwihevyi yagize ico gitero.

Uwo mwihevyi yaturikije amabombe kw’ibarabara riri hafi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu, inyubakwa y’umushikiranganji wa mbere n’ibiro bijejwe umutekano w’igihugu.

Itangazo ku kibanza ca internet c’umurwi al-Shabab, ryamenyesheje ko ico gitero ca bombe cahitanye abajejwe umutekano indwi.

Abategetsi ba Somalia bavuga ko uwo mwihevyi yiyishe yongera ahitana umusirikare, mu gihe abandi basirikare batatu bakomeretse.

Uwuserukira igihugu c’u Bwongereza muri Somalia, Matt Baugh, yariyamirije ico gitero ca bombe, akaba yarashigikiye Reta ya Somalia.

Umukuru w’igihugu ca Somalia, Hassan Sheikh Mohamed ntiyari ku murwa mukuru, Mogadisho, igihe ico gitero ca bombe c’umwihevyi caba, mu gihe umushikiranganji wa mbere, Abdi Frah Shirdon Saaid avugwa ko ataco yabaye.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.