Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalie : Abantu 12 nibo bapfiriye mu gitero c’abashababu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie : Abantu 12 nibo bapfiriye mu gitero c’abashababu

Somalie : Abantu 12 nibo bapfiriye mu gitero c’abashababu

samedi 22 Ruhuhuma 2014

Abantu 12 nibo bitavye Imana ku munsi wa gatanu mu gitero c’abashababu aho batera ikirimba c’umukuru w’igihugu ca Somaliya kiri i Mogadiscio.

Amakuru atangwa n’umushikiranganji ajejwe umutekano w’igihugu ca Somaliya, Abdelkarim Hussein Guled amenyesha ko inkozi z’ikibi 9 harimwo abakamikaze 2 bishwe mu gihe bariko bagerageza kwinjira gutera ikirimba c’umukuru w’igihugu. Ku ruhande rwa Reta, baharura abantu 3 bapfuye, abo nabo akaba ari intwazangabo 2 hamwe n’umusirikare umwe.

Imodoka imwe akaba yatezwe umutego ica ituritswa n’igisasu imbere y’aho nyene imbere y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, imbere y’uko abashabu bashaka kwinjira ku kirimba. Kubw’uwo mushikiranganji, igisirikare Ca Somaliya hamwe n’ingabo zo muri Afrika zagiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu bagerageje uko bashobora kwose kugira babasubize inyuma.

Abakuru babiri bo muri ico gihugu ca Somaliya bahasigiye ubuzima muri ico gitero harimwo umunyabanga w’umushikiranganji wa mbere wo muri ico gihugu, Mohamed Hersi Abdulle, hamwe n’umwe mu bakuru bo mw’igendereza Nur Shirbow.
Umukuru w’igihugu ca Somaliya Huassan Sheikh Mohamoud yateye ivyatsi ico gitero, aho mbere avuga ko ari igikorwa c’iterabwoba. Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Somaliya, Nicholas Kay nawe nyene ubwiwe yateye ivyatsi ico gitero. Iyo ntumwa idasanzwe ikamenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amakungu bazobandanya bafasha igihugu ca Somaliya gushika kironse agahengwe, umutekano n’amahoro.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.