Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalie : Abarwanyi 34 ba Al shabaab n’umuyobozi wabo bishwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie : Abarwanyi 34 ba Al shabaab n’umuyobozi wabo bishwe

Somalie : Abarwanyi 34 ba Al shabaab n’umuyobozi wabo bishwe

lundi 21 Ntwarante 2016, par egide

Abasirikare ba Kenya bari kugarukana amahoro muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya bishe abarwanyi 34 ba Al-Shabaab, bongera bata muri yompi imwe mu ntwazangabo zo muri uwo murwi w’abarwanyi.

Abo basirikare bafashe kandi inkoho zigera kuri 27 zo mu bwoko bwa Kalashnikov (AK47), aho hose akaba ari mu bitero bibiri vyabaye mu mpera z’iyindwi twaraye dusozereye.

Col David Obonyo, umuvugizi w’igisirikare ca Kenya yamenyesheje ko ku ruhande rwabo nabo bahatakarije abasirikare babiri.

JPEG - 58.6 ko
Abasirikare ba Kenya muri AMISOM

Mu bitero vyo kuwa gatandatu, hishwe abarwanyi ba Al shabaab 21, hafatwa inkoho 21 zo mu bwoko bwa Kalashnikov (AK 47), hamwe n’ibisasu bitatu vya mu bwoko bwa rocket.

Kuri uwu w’Imana naho, abarwanyi 13 biciwe mu gace ka Sarira, ku birometero 30 mu majaruguru y’igisagara ca Ras Kamboni, hafatwa inkoho zitandatu zo mu bwoko bwa kalashnikov nyene, n’ibindi birwanisho bitandukanye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.