Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalie: UA yemeye ko abanyagihugu bishwe n’abasirikare bayo bari muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: UA yemeye ko abanyagihugu bishwe n’abasirikare bayo bari muri (...)

Somalie: UA yemeye ko abanyagihugu bishwe n’abasirikare bayo bari muri AMISOM

samedi 22 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryemeye ko abasirikare bayo bo mu rwego rwo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya AMISOM aribo bishe abanyagihugu indwi bari mu rubanza rw’ubukwe mu bumanuko bwa somaliya.

Ubwo bwicanyi bwabaye mu gihe imodoka za AMISOM zaterwa grenade n’abarwanyi ba El Shabaab mu gisagra ca Merka,hari mu kwezi guheze kwa Ruheshi,ariko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryagumye ribihakana.

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zinamuntu Human Right Watch ryari ryamenyesheje ko abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda bakora mu rwego rwa AMISOM aribo bishe abo banyagihugu bari mu rubanza rw’ubukwe.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ribicishije ku muserukizi waryo akaba aserukira n’urwego AMISOM Maman Sidikou ryamenyesheje ko ryemera ko abo bantu bishwe n’abasirikare babo,rica risaba imbabazi kuri abo bapfuye.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.