Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Abantu bagera kuri batandatu nibo bitavye Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abantu bagera kuri batandatu nibo bitavye Imana

Somaliya : Abantu bagera kuri batandatu nibo bitavye Imana

vendredi 14 Ruhuhuma 2014

Umurwi w’intagondwa za Al Shabaab uriyemerera ko ariwo wagize igitero hafi y’umuryango w’ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Mogadishu mu gihugu ca Somaliya, maze abantu barenga batandatu bakahasiga ubuzima n’abandi benshi bakomeretse.

Umwihevyi rero akaba yateze igisasu mu muduga, maze gica giturikira hafi y’umuryango waho ku kibuga c’indege. Umuduga warimwo rero ico gisasu, ukaba wagongeshejwe uwundi muduga wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ariko Imana yakinze kuko uyo muduga, uri mu bwoka bw’iyitamenwa n’amasasu. Abantu benshi rero bakaba bakomerekeye muri ico gitero c’umwihevyi. Abakomeretse bakaba bari abakozi b’ishirahamwe HCR ryo gutabara imbabare.

Umurwi wa Al shabab rero ukaba wagize ico gitero mu kibanza hafi y’ahasanzwe hacungerewe n’abasirikare bo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika, ndetse aho mu micungararo y’ikibuga c’indege, akaba ariho hari n’ibiro vy’abaserukira ibihugu vyabo muri Somalia n’ibiro vy’amashirahamwe mpuzamakungu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.