Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Abantu batatu bishwe urw’agashinyaguro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abantu batatu bishwe urw’agashinyaguro

Somaliya : Abantu batatu bishwe urw’agashinyaguro

mercredi 7 Nzero 2015

Inyuma y’igandagurwa ry’umwe mu bategetsi b’igendereza b’abarwanyi b’umuhari wegereye Al-Qaïda, abantu batatu bishwe n’izo ntagondwa bagirizwa gukorana n’abanyamerika.

Abarongoye akarere ka Gedo kari mu Bumanuko bushira Uburengero bwa Somaliya, ako gace nako kakaba kiganziwe n’abo barwanyi b’intagondwa, bakavuga ko bishe abo banyagihugu batatu babagiriza gukorana n’ibihugu vya Reta zunzubumwe z’Amerika. Umwe yagirijwe ko akorana n’igendereza rya Amerika, abandi babiri bishwe bunyamaswa bagirizwa gukorana n’igendereza ry’igihugu ca Ethiopiya hamwe na Somaliya.

Umwe mu babibonye akavuga ko abo banyagihugu batatu bapfuye urwagashinyaguro imbere y’abanyagihugu baremga ijana. Akavuga ko bishwe babanje gucibwa urubanza na sentare yegamiye abo bicanyi, bavuga ko bashaka gushiraho amategeko y’idini rya Islam.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.