Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya: Abasirikare 14 bishwe mu gitero c’umurwi Al Shabbab - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya: Abasirikare 14 bishwe mu gitero c’umurwi Al Shabbab

Somaliya: Abasirikare 14 bishwe mu gitero c’umurwi Al Shabbab

dimanche 23 Myandagaro 2015

Abasirikare icumi na bane b’igihugu ca Somaliya ,nibo bapfuye abandi mirongo ibiri barakomereka mu gitero cakozwe n’abarwanyi b’umurwi Al Shabbab kuwa gatandatu igenekerezo rya 22 Myandagaro 2015.

Ico gitero cabereye ahahora hubatswe kaminuza mu gisagara ca Kismayo ahasanzwe haba abasirikare bava mu gihugu ca Kenya bakora mu rwego rwagiye kugarukana amahoro muri Somaliya AMISOM.

Umutegetsi mu gisirikare ca Somaliya yavuze ko ari imodoka yari itezwemwo ibisasu yaturitse,mu kibanza kiberamwo imyimenyerezo ya gisirikare muri iyo kambi,abasoda 14 barapfa,abarenga 20 barakomereka.Yavuze kandi ko amatohoza yatanguye kugira bamenye uko iyo modoka yashoboye kwinjira muri iyo kambi irenganye abasirikare.

Mu murwi Al Shebbab bamaze kwemera ko aribo bakoze ico gitero babicishije mw’itangazo.Bamenyesha ko abantu ijana aribo bapfuye muri ico gitero.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.