Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero (...)

Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero vy’indege

jeudi 16 Mukakaro 2015

Abategetsi babiri b’umurwi urwanya Reta ya Somaliya Al Shabaab,bapfuye bahitanywe n’ibitero vy’indege zitagira umudereva,mu bumanuko bwa Somaliya.

Abanyagihugu bo hafi ya Baardeheere mu gace ka Gedo, bavuga ko bumvise ikintu giturika cane mu mutwenzi wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Mukakaro 2015.

Muri uwo mwanya,abarwanyi bo mu murwi Al Shabaab baciye bihutira kuja ahiciwe abo bategetsi babo.Baardheere ni kimwe mu bisagara bigisigaye bigenzurwa na Al shabaab.

Naho biri ukwo abasirikare b’Ubumwe bwa Afrika bakorera mu rwego AMISOM bari kumwe n’abasirikare ba Reta ya Somaliya,batera begereza ico gisagara kugira bagifate.

Abategetsi benshi muri Al Shabaab barishwe mu bitero vy’indege nk’izo za Reta zunze Ubumwe za Amerika muri iyi myaka iheze.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.