Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Bamwe mu bakuru mu giporisi n’igendereza bakomboye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Bamwe mu bakuru mu giporisi n’igendereza bakomboye

Somaliya : Bamwe mu bakuru mu giporisi n’igendereza bakomboye

mercredi 9 Mukakaro 2014

Umukuru w’igihugu ca Somaliya yakuye kuri uno wa mbere, abakuru mu gipolisi hamwe na bamwe bakora mu rwego rw’iperereza, ivyo akaba yabikoze umunsi umwe gusa abashababu bateye ikirimba c’umukuru w’igihugu i Mogadiscio, igitero kigira kabiri guhera mu ntango z’uno mwaka.

Abakuru mu gipolisi hamwe na bamwe mu rwego rw’iperereza bakuwe nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe kumenyeshamakuru. Igitero co kuri uno wa kabiri, cabaye umukuru w’igihugu ca Somaliya Hassan Cheikh Mohamud atari hari, ico gitero kikaba gisa nk’icabaye mu kwezi kwa Ruhuhuma. Abo bagizi ba nabi bari biyambitse imyambaro isa n’iyabasirikare b’igihugu ca Somaliya. Umuvugizi w’abashababu akaba yiyemereye ico gitero kuri uno wa kabiri ,akavuga ndetse ko bashoboye no kwinjira mu kirimba c’umukuru w’igihugu. Ariko Reta yahakanye ivyo vyahsikirijwe n’umuvugizi w’abashababu.

Reta yo ivuga ko izo nkozi z’ikibi zishwe zitaraninjira mu kirimba. Ku nkozi z’ ikibi 4 zitatu ziciwe hanze, imwe nayo irafatwa nk’imbohe. Kuva aho birukaniwe mu gisagara mu mwaka w’2011 n’ingabo za AMISOM, abashababu bashira imbere cane ibikorwa vy’iterabwoba. Abo bashababu nyene bakaba bemeza ko bamaze iminsi bagaba ibitero mu bihugu vyose biri muri AMISOM, na cane cane mu gihugu ca kenya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.