Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya: General Aden Elmi yahatswe kwereka umukondo ijuru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya: General Aden Elmi yahatswe kwereka umukondo ijuru

Somaliya: General Aden Elmi yahatswe kwereka umukondo ijuru

mercredi 28 Rusama 2014

Umukuru w’igisirikare ca Somaliya GeneralDahir Aden Elmi yahatswe guhitanwa n’igisasu catewe umuduga wiwe, Imana irakinga, igihe yariko ararengana ku murwa mukuru i Mogadishu.

Umukuru w’igisirikare ca Somaliya, General Dahir Aden Elmi yarokotse igitero i Mogadishu ku murwa mukuru wa Somalia. Imodoka yari itwaye General Elmi yaturikijwe n’igisasu igeze hafi y’ibiro vy’ubushikiranganji bw’ingabo z’ico gihugu.
Igisirikare ca Somalia gifatanije n’ingabo z’Afrika zagiye kugarukana amahoro n’umutekano, bakaba bariko bararwanya bimwe bikomeye umurwi w’abarwanyi b’inrtagondwa wa Al-Shabaab, wigaruriye igice kinini co Hagati no mu maja Epfo y’igihugu.

Tukaba twobamenyesha ko kuri uwu wa kabiri, abarwanyi ba Al-Shabaab bateye ikambi y’igisirikare iri hagati mu gihugu, bica abasirikare benshi ba Somaliya hamwe n’abo muri Ethiopia. Ivyo bikaba bishitse kandi mu gihe, abo barwanyi bari bateye ingoro ikoreramwo inama nshingamateka, ariko Imana irakinga, abasirikare ba AMISOM baba bahashitse.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.