Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya: Ibisasu vyahitanye abantu 15 i Mogadishu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya: Ibisasu vyahitanye abantu 15 i Mogadishu

Somaliya: Ibisasu vyahitanye abantu 15 i Mogadishu

samedi 7 Nyakanga 2013

Igipolisi co muri Somaliya cavuze ko hari ibisasu bibiri vyatezwe ku murwa mukuru wa Mogadishu bihitana abantu 15.

Igipolisi cavuze ko kimwe muri ivyo bisasu catezwe mu buriro bwitwa Village busanzwe bufunguriramwo cane abamenyeshamakuru hamwe n’abashinzwe umutekano.

Amakuru dukesha BBC Gahuzamiryango avuga ko Ikindi gisasu ngo catezwe mwi hoteli yitwa Muna ibamwo cane abashingamateka. Aho hantu hose hegereye ikirimba c’umukuru w’igihugu. Nta muntu aremeza ko yateze ivyo bisasu ariko umurwi w’intagondwa z’Al Shabab wigeze gushaka gutera aho hantu hose mu gihe giheze.

Twobibutsa ko ivyo bishitse mu gihe abasirikare b’Uburundi bari mu gihugu ca Somaliya mu gufasha kugarukana umutekano, n’ugufasha ndetse mu gukomeza ubutegetsi muri ico gihugu, baronkejwe ku munsi w’ejo imfashanyo na Leta zunzubumwe z’Amerika babicishije ku buserukizi bw’ico gihugu i Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.