Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Inyuma y’igitero cagizwe ku ngoro y’abashingamateka ibintu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Inyuma y’igitero cagizwe ku ngoro y’abashingamateka ibintu (...)

Somaliya : Inyuma y’igitero cagizwe ku ngoro y’abashingamateka ibintu vyifashe neza

dimanche 25 Rusama 2014

Inyuma yaho inama nshingamateka y’igihugu ca Somaliya iterewe n’abarwanyi b’intagondwa za el shabaab abantu barenga 10 bakahasiga ubuzima, ubu umutekano uriko uragarukanwa.

Ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadishu habereye ico gitero, bikavugwa ko haje abagabo bitwaje inkoho zikomakomeye baca binjira ku nguvu mu nyubakwa isanzwe ikoreramwo abashingamateka, igisasu naco gica kiraturika, abashingamateka baca barakurwa vuba na vuba muri iyo nyubakwa. Muri aka gatondo, ibintu vyasubijwe mu buryo, umutekano wagarutse.

Abanyaporitike babiri biravugwa ko bari mu bantu bakomeretse cane. Izo ntagondwa zateye iyo ngoro y’abashingamateka, bikavugwa ko zari zinyegeje mu musigiti uri hafi y’iyo ngoro, aho bari binyegeje mu gisenge c’uyo musigiti, baca babasha kuguma barasa muri iyo ngoro. Abasirikare b’ico gihugu bari kumwe n’ab’Ubumwe bw’Afrika bakaba baciye bahanyarukira, umutekano ubona kugaruka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.