Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Ubuserukizi bwa Turkiya bwagizweko igitero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Ubuserukizi bwa Turkiya bwagizweko igitero

Somaliya : Ubuserukizi bwa Turkiya bwagizweko igitero

dimanche 28 Mukakaro 2013

Ubuserukizi bw’ igihugu ca Turkiya muri Somaliya bwatewe n’abihevyi bari mu modoka, muri ako kanya haca hitaba Imana umusirikare umwe wo mu gihugu ca Turkiya, abandi batatu barakomereka kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Mukakaro uyu mwaka.

Abihevyi rero batatu bakaba bazanye imodokari iri mu bwoko bwa voiture yuzuye amabombe, baca bashaka kwinjira ku nguvu mu nyubakwa y’ubuserukizi bwa Turkiya. Nk’uko ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Turkiya n’ayamdi makungu bubivuga, ico gitero carahitanye umusirikare wabo yari acunze imiryango yinjira mu nyubakwa y’ubuserukizi bwabo, abandi babiri barakomereka.

Muri ico gitero kandi, abo bihevyi bose nta n’umwe yarokotse ukwo bari batatu. Babiri barashwe n’abasirikare bacunze iyo nyubakwa mu gihe bariko bashaka gusambura ayo mabombe, mu gihe uwundi umwe yishwe n’ayo mabombe nyene akiri mu muduga. Igihugu ca Turkiya rero kiri mu bihugu bigaragara ko gifise uruhara mu kugarukana amahoro muri ico gihugu, kandi iyo intagondwa zizi ko uri mu bariko baritanga, zigira ukwo zishoboye kugira zihungabanye umutekano wawe uko zishoboye kwose.

Abapolisi babiri bakomereketse bakaba baciye banyarukanwa kwa muganga, ubu hakaba hashitse indege ibajana mu gihugu ca Turkiya kugira bavurwe. Muri ico gitero kandi, biravurwa ko hari n’umunyagihugu yoba yarahasize ubuzima mu gihe yariko ararengana, naho bitaremezwa neza. Igihugu ca Turkiya rero kikaba cateye ivyatsi iyo ngendo igayitse y’intagondwa, kandi bakaba basavye ko abarongoye abagize ico gitero bomenyekana bagakurikiranwa bagahanwa.

Igihugu ca Turkiya rero kikaba gifasha mu bijanye n’ukugarukira ku bagize ivyago hamwe n’ugufasha mw’isanurwa ry’igihugu ca Somaliya, kuva aho umurwi w’aba shebab baba islamistes birukanywe mu gisagara ca Mogadiscio mu mwaka w’2011, n’abasirikare bo mu rwego rwa Amisom, igihugu ca Turkiya caciye gishika gitangura gufasha. Eka n’ubu Leta ya Turkiya iremeza ko batazoreka kugarukira kuri benewabo baba nyesomaliya naho intagondwa ziguma zibagirako iyerabwoba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.