Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Umwe mu bayobozi ba Al Shabab yishikanye ku butegetsi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Umwe mu bayobozi ba Al Shabab yishikanye ku butegetsi

Somaliya : Umwe mu bayobozi ba Al Shabab yishikanye ku butegetsi

vendredi 28 Ruheshi 2013

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko umwe mu bayobozi b’umurwi w’iterabwoba Al Shabab, urwanya ubutegetsi muri Somalia, Hassan Dahir Aweyes, yishikanye mu maboko y’ingabo zirwanira Leta ya Somaliya.

Aweyes yishikanye mu gisagara ca Adado hafi mu birometero 500 uvuye mu maja ruguru y’umurwa mukuru wa Mogadishu.

Ivyo vyabaye inyuma y’ingwano zikaze zabaye mu mpera z’indwi twaraye turangije, hagati y’imirwi itavuga rumwe mu barwanyi ba Al Shabab.

Amakuru dukura kuri BBC amenyesha ko Hassa Dahil Aweyes yahakanye ko yoba yarishikanye mu maboko ya Leta, kandi akaba yamirira kure amakuru avuga ko yanse kuja mu gisagara ca Mogadishu.

JPEG - 161.3 ko
Hassan Dahir Aweyes, umwe mu bayobozi ba Al Shabab yishikanye ku butegetsi

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.