Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sonia Roland ntatangazwa n’imvugo mvangurabwoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Sonia Roland ntatangazwa n’imvugo mvangurabwoko

Sonia Roland ntatangazwa n’imvugo mvangurabwoko

mercredi 11 Kigarama 2013

Kuri uwu wa gatandatu uheze, kw’igenekerezo rya 07 Kigarama, Flora Coquerel w’imyaka 19 yatowe nk’umwigeme wa mbere mwiza mu gihugu c’Ubufaransa. Uwo rero yatowe ari mu bwoko bw’abadimudimu (métisse). Itorwa ryiwe ryagiyemwo amajambo mvangurabwoko. Ayo majambo yagiye yumvikana hirya no hino mu binyamakuru vyo muri ico gihugu. Sonia Rolland, yambitswe ico gitsibo mu mwaka w’2000, avuga ko ivyo bavuga bitamutangaza, kuko nawe nyene yaratutswe bidasanzwe igihe yatorwa.

JPEG - 16.1 ko
Sonia Rolland, yambitswe ico gitsibo mu mwaka w’2000

Sonia Rolland avugana umubabaro n’agahinda yibuka ivyamushikiye igihe yatorwa mu mwaka w’2000. "Jewe igihe natorwa nta mihora ntangazamakuru yari bwaboneke nkiyihari ubu aha mu gihugu c’Ubufaransa, ariko nararonse amakete agera ku 2.700 y’ibitutsi vy’abungere". Abandanya amenyesha ko atuntujwe no kwumva Flora coquerel nawe ariko atukwa nk’uko bamugize.

JPEG - 51.2 ko
Flora Coquerel

Ivyashikiye Sonia Rolland igihe yatorwa vyari akamaramaza. Hari uwinamuye umuha ibahasha ritekeyemwo amadasahurwa, aca amwandikira ati : "Igihe nakubona ku mboneshakure nakugereranije n’amadasahurwa." Aho hose yatukwa, akubagurwa, ashinyagurirwa, yahorwa ko ari umwirabure. Naho biri uko, ntiyigeze aha amatwi ba karyanishamiryango, kandi arashima cane umurwi wari ujejwe amatora ko utahengamye mugutora umudimudimu (métisse), avanze amaraso y’Amanyarwanda n’amaraso y’Ubufaransa.

Mukuremesha Flora Coquerel, Sonia yibutsa ko amajambo yose yavugwa kuri we ata mwanya yamutwaye, eka nta n’ingorane vyamuteye. Ico ahanura Flora n’uko yobima amatwi, akareka kwumviriza izo nsaku n’ayo majambo, gusa yiteho icicaro c’iteka aronse muri uwu mwaka. Amuhanura kutigera agerageza kwisigura ko ari Umufaransakazi, ariko yemange ubwoko bwiwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.