Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudan: Abafungiwe politique barekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudan: Abafungiwe politique barekuwe

Soudan: Abafungiwe politique barekuwe

lundi 1er Ndamukiza 2013

Umukuru w’igihugu ca sudani, Omar el-Bachir yamenyesheje kuri uyu wa mbere ko abafungiwe imvo za politike bose barekuwe mu gihugu cose mu ntumbero yo guhagarika kutumvikana na sudani y’ubumanuko, inyuma y’amasezerano bagiraniye.

Arongera akamenyesha ko azobandanya aganira n’abanyepolitike bose n’ab’imibano ata n’umwe akumiriwe harimwo n’abarwanyi mu kurondera gushika ku mwunvikano uzozana inyishu ku bibazo vyose biri mu gihugu.

Ivyo bikurikirana n’ubutumire icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Ali Othmane Taha yari yahaye abarwanya Leta bose hamwe n’abakirwana bwo gutegurira hamwe ibwirizwa nshingiro. Imigambwe itari mike n’abakirwana bakaba baravyiyamirije.


Paterne Nsengiyumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.