Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudan: Abantu 53 Barishwe Muri Darfur - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Soudan: Abantu 53 Barishwe Muri Darfur

Soudan: Abantu 53 Barishwe Muri Darfur

dimanche 24 Ruhuhuma 2013

Ingwano yadutse hagati mu Barabu badasangiye ubwoko mu gihugu ca Sudani mu ntara ya Darfur kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2013 , yatumye hasiga ubuzima abantu bashika 53.

Abanyagihugu hamwe n’abatetetsi bo mur’iyo ntara bavuga kw’abarwanyi bafise ibirwanisho bikomakomeye bo mu bwoko bw’aba Rizeigat, bagize igitero mu gisagara ca El Sireaf ejo ku munsi wa gatandatu.

Ibiro vy’abarafaransa bijejwe gutangaza amakuru bivuga ko abo barwanyi bakoze ico gitero bari bafise ibikoho bikomakomeye, baturiye amazu arenga 20.
Umwuka mubi wari hagati y’imirwi y’abarabu idacana uwaka, wariyongereye mu mezi aheze.

JPEG - 22.5 ko

Mu kwezi kwa mbere, ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu ntara ya Darfur yo mu gihugu ca Sudani, UNAMID, vyaramenyesheje ko indwano yabaye hagati y’abo banyagihugu bo mu bwoko bw’abarabu ivuye ku kurwanira inzahabu mu buraruko bw’intara ya Darfur, yatumye abanyagihugu ibihumbi 700, bata ingo zabo.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.