Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudani ishimirwa na benshi mw’itegurwa ry’ihiganwa CECAFA Kagame (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Soudani ishimirwa na benshi mw’itegurwa ry’ihiganwa CECAFA Kagame (...)

Soudani ishimirwa na benshi mw’itegurwa ry’ihiganwa CECAFA Kagame cup

mercredi 3 Mukakaro 2013

Igihugu ca Sudani ari nanaco cakiriye inkino za CECAFA Kagame cup uyu mwaka ca kejwe n’abantu benshi ku mvo z’uko izo nkino zarangiye atangorane ibayeho naho mbere abantu batari bizeye umutekano bigatuma hari n’imirwi yanse kwitabira iryo higanwa.

Umumenyereza w’umurwi wa APR, umudagi Andreas Spier yashimiye cane Sudani ku kuntu yatunganije izo nkino mu mutekano kandi zikabamwo uguhiganwa gukomeye aho zarangiye atangorane n’imwe y’umutekano ihabaye, abaryitabiriye bose bagataha babishimye cane. Umugwi wa APR watsinzwe ibitsindo 2-0 na Vital’O mu rukino rwa nyuma rwari rwavuzweko vyinshi kubera ikibazo c’umutekano mu turere twa Kordofan y’Ubumanuko na Darfur, hakaba kandi hari imirwi yikuye mw’ihiganwa.

Vital’O yatahukanye intsinzi ku bitsindo bibiri vyinjijwe mu gice ca kabiri n’umukuru w’umurwi Amisi Tambwe hamwe na Christian Mbirizi nk’uko twagiye turabigarukako mu makuru yacu. Tambwe yahejeje ihiganwa ariwe yinjije bitsindo vyinshi kurusha abandi (yinjije bitandatu), akaba yarinjije ica mbere mu rukino rwa nyuma n’umutwe neza cane ku munota wa 64. Mbirizi yaje kwinjiza ica kabiri haciye iminota itatu, Vital’O yarabangamiye cane abakinyi b’inyuma ba APR.

Mu rukino rwa nyuma, Abanyarwanda vyaraboneka ko batinya Abarundi, batsindiye igikombe c’imirwi yabaye iyambere iwabo, bakaba barakinye umupira uteye igomwe kuva mu ntango z’ihiganwa mu kwezi guheze, babandanya gurtyo gushika ku rukino rwa nyuma kuko uyo murwi wa Vital’o utigeze utsindwa urukino na rumwe muri itandatu bakinye muri iri higanwa rya CECAFA Kagame Cup ry’uyu mwaka.

Ubu imwe mu mirwi itari yitavye ihiganwa ku mvo zo kutizera umutekano, yabonyeko ihiganwa rirangiye atangorane, nayo ashimira cane ubushikiranganji bw’umutekano mu gihugu ca sudani uburyo bashize inguvu muri ico gisata c’umutekano, inkino zikagenda neza.


Joel Sengurebe

Messages

  • VITAL’O turabemera cane hari havuzwe amajambo menshi ngo Rayon Sports yatsinzwe na VITAL’O kubera abarundi bakina muri Rayon Sport aribo CEDRIC KARIM na FOUADI batitanze nkuko bari basanzwe babikora iyo bakinye n’iyindi migwi none ko APR bayiteye 2- 0 nayo yatsinzwe kubera abarundi bayikinamwo kandi bavuga ko ikinirwa n’abana b’abanyarwanda ijana kw’ijana ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.