Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo: Abantu 58 bitavye Imana n’abarenga ijana bakomeretse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sudani y’Epfo: Abantu 58 bitavye Imana n’abarenga ijana bakomeretse

Sudani y’Epfo: Abantu 58 bitavye Imana n’abarenga ijana bakomeretse

samedi 19 Ndamukiza 2014

Mu gitero caraye kibaye ku kirindiriro c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Sudani y’amaja Epfo, kimwe mu bibanza birimwo impunzi, abantu barenga 58 nibo bahasize agatwe, abarenga ijana nabo, barakomereka cane.

Nk’uko vyashikirijwe na Toby Lanzer, umwe mu bayobozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikorera i Juba mu gihugu ca Sudani y’amaja Epfo, ico gitero cahitanye ubuzima bw’abatari bake, cabaye kuri uyu wa kane wa 17 Ndamukiza. Umurwi w’abantu bagera ku 350 bari bitwaje ibirwanisho akaba aribo bari baje gutera mw’ikambi irimwo impuzi z’abanyagihugu zigera ku 5000 iri Juba, mu gisagara gisanzwe gicungerewe bikomeye n’abajejwe umutekano ba ONU.

Mu gihe bivurwa ko abo bagizi ba nabi bari bafise umugambi wo kwica abantu benshi bashoboka, Lanzer amenyesha ko ishirahamwe ONU, muri ico gihugu kimaze amezi ane cugarijwe n’intambara, rizokora ibishoboka vyose mu gukingira ubuzima bw’abari mu makambi yo mu gihugu cose bagera ku bihumbi 67 bari mu bwoko butandukanye. Ibiziga 48 vy’abanyagihugu bigizwe n’abana, abakenyezi n’abagabo nivyo vyatowe muri iyo kambi. Ibiziga 10 navyo vy’abicanyi bari mubakoze iryo bara, bikaba vyatowe inyuma y’ikambi. Abajejwe gutabara imbabare bakavuga ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera kuko mu bakomeretse muri ico gitero, hari ababaye bikomeye.

Mwomenya ko ico gitero kitari coroshe kuko haciye haba ugutana mu mitwe hagati y’abaroberi bari baje kwica hamwe n’inteko za ONU zariko zikingira ubuzima bw’abanyagihugu. Mu gihugu cose, ahari amakambi y’impuzi, hakaba haciye hongerezwa abajejwe umutekano bo mu nteko za ONU.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.