Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Soudani yihagazeko inganya n’Uburundi igitsindo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Soudani yihagazeko inganya n’Uburundi igitsindo

Soudani yihagazeko inganya n’Uburundi igitsindo

lundi 8 Mukakaro 2013

Ku kibuga c’inkino citiriwe umuganwa Rwagasore Rudoviko, habereye inkino maze Uburundi bunganya na Soudani igitsindo kimwe ku kindi aho hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 7 Mukakaro 2013.

Urwo rukino rwaranzwe n’ishaka rikomeye ku mirwi yose kuko umurwi wose wagombaga gutahukana intsinzi mu urukino. Ariko rero inyuma y’iminota 20 y’urukino, Amisi Tambwe aba yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi w’Intama mu Rugamba. Ivyo rero vyatumye abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Soudani bagira ishaka ridasanzwe kugira bagombore ico gitsindo.

Ku munota wa 28 w’urukino, umurwi wa Soudani waciye uronka penariti maze umusamyi w’Intamba mu Rugamba Arakaza Arthur ntiyashobora gusama nya mupira, gica kiba kimwe ku kindi. Igice ca kabiri gitanguye, umurwi w’Uburundi waje n’ishaka ryinshi ugomba gutsinda urukino ku nguvu, na cane cane ko Intamba mu Rugamba zariko zikinira imbere y’abanywanyi babo, ariko urukino ruraheza rurangira igitsindo ari kimwe ku kindi.

Nk’uko vyavuzwe n’abantu benshi bakurikirana ivy’umupira w’amaguru mu Burundi, bavuga ko kubona Intamba mu Rugamba zitashoboye gutsinda urukino rwariko rubera iwabo, ko ubu bitazoroha na rirya urukino rwo gusubiza ruzobera mu gihugu ca Soudani, bikavurwa ko abakinyi b’abarundi batazoroherwa na rirya abarundi babwirizwa gutsinda ibitsindo 2-0.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.