Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Stephen Keshi yatanze imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Stephen Keshi yatanze imihoho

Stephen Keshi yatanze imihoho

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Umumenyereza w’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria yaratanze imihoho mu gikorwa co kumenyereza uwo mugwi inyuma y’aho atwariye igikombe ca CAN 2013 kuw’Imana igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2013.

Nk’uko Stephen Keshi yabimenyesheje insamirizi SABC yo mu gihugu ca Afrika y’epfo,ngo yatanze ikete rimenyesha ko ahagaritse amabanga yo kumenyereza uwo mugwi inyuma y’urukino rwa nyuma rwahuje Nigeria na Burkina Faso.

Keshi yavuze ko mu gihe mu gihugu badashimye ibikorwa wakoze ata kamaro ko kubahatira kugukunda.yabandanije amenyesha ko ivyo yabigize kuko n’ubundi igihe yatora abakinyi bazoja mu mugwi nserukira gihugu hari havuzwe amajambo menshi.

Imbere y’uko haba urukino rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma rwabahuje na Mali,Keshi yari yavuze ko ashobora gutanga imihoho abonye ko batamushizeko umutima.

Tubibutse ko Stephen Keshi ari umumenyereza wa kabiri ashoboye gutahukana igikombe ca CAN,ubwa mbere ari umukinyi hanyuma ari umumenyereza inyuma ya Mahmoud Al-Gohary wo mu gihugu ca Misiri.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.