Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Steve Nzigamasabo wa Vital’O ku rutonde rw’abakinyi bo muri Afrika bahinduye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Steve Nzigamasabo wa Vital’O ku rutonde rw’abakinyi bo muri Afrika bahinduye (...)

Steve Nzigamasabo wa Vital’O ku rutonde rw’abakinyi bo muri Afrika bahinduye imirwi

samedi 29 Ruheshi 2013

Kw’isi nzima, abakinyi barakomeza guhindura imirwi barimwo mu ntumbero yo kwitegurira amahiganwa ari mu gutangura. Twashimye kubamenyesha urutonde rw’abakinyi bo muri Afrika bamaze kugomwa n’iyindi migwi, yaba iyo muri Afrika canke mu mahanga.

ALGERIE

• BELKALEM Essaïd, umukinyi w’inyuma w’imyaka 24 yahora mu murwi wa JS Kabylie wo muri Algérie, ubu agiye gukinira Udinese yo mu Butaliyano

• BRAHIMI Yacine, umukinyi wo hagati w’imyaka 23 yahora muri Rennes (France), akaba agiye muri Grenade (Espagne)

• MATMOUR Karim, umukinyi wo hagati w’imyaka 28 yahora muri Eintracht Francfort (Allemagne), akaba agiye guhamvya umurwi wa Kaiserslautern (Allemagne)

JPEG - 113.6 ko
MATMOUR Karim yahora muri Eintracht Francfort (Allemagne), akaba agiye guhamvya umurwi wa Kaiserslautern (Allemagne)

• SOUDANI Hilal, umusatirizi w’imyaka 25 yahora muri Vitoria Guimaraes (Portugal), ubu akaba agiye gukinira Dinamo Zagreb (Croatie)

CAMEROUN

• ABOUBAKAR Vincent, umusatirizi w’imyaka 21 yahora muri Valenciennes (France), ubu akaba agiye gukinira Lorient (France)

• CHEDJOU Aurélien, umukinyi w’inyuma w’imyaka 27 yahora muri Lille (France), ubu akaba agiye guhamvya umurwi wa Galatasaray (Turquie) usanzwe ukinamwo na Didier Drogba.

• ZOUA Jacques, umusatirizi w’imyaka 21 yahora akinira FC Bâle (Suisse), ubu akaba azobarizwa muri Hambourg (Allemagne)

COTE D’IVOIRE

• KOLO TOURE Habib, umukinyi w’inyuma w’imyaka 32 yahora muri Manchester City (Angleterre), ubu akaba agiye muri Liverpool (Angleterre)

JPEG - 27.9 ko
KOLO TOURE Habib, umukinyi w’inyuma yahora muri Manchester City (Angleterre), ubu akaba agiye muri Liverpool (Angleterre)

EGYPTE

• ELMOHAMADY Ahmed, umukinyi w’inyuma w’imyaka 25 azokinira Hull City (Angleterre)

RD CONGO

• MAKIADI Cédric, umukinyi wo hagati w’imyaka 29 avuye mu murwi Fribourg (Allemagne) aja mu murwi Werder Brême (Allemagne)

• MBOKANI Dieumerci, umusatirizi w’imyaka 27 yahora akinira Anderlecht (Belgique), ubu akaba azobarizwa muri Dynamo Kiev (Ukraine).

JPEG - 39.6 ko
MBOKANI Dieumerci umusatirizi yahora akinira Anderlecht (Belgique), ubu akaba azobarizwa muri Dynamo Kiev (Ukraine)

Mu rukurikirane rw’abakinyi bo muri Afrika bahinduye imirwi bahora bakinira, twashaka kubamenyesha amakuru y’umukinyi w’umurundi Nzigamasabo Steve yahora akinira umurwi wa Vital’O wo mu gihugu c”Uburundi, akaba ubu abarizwa mu gihugu ca Nigeria aho yagiye guhamvya umurwi wa Enugu RANGERS wari umaze iminsi uriko uramurondera, akaba yuriye indege imushikana muri ico gihugu ca Nigeria ku mugoroba wo kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2013.

JPEG - 30.2 ko
Nzigamasabo Steve yahora akinira umurwi wa Vital’O wo mu Burundi, akaba ubu abarizwa mu gihugu ca Nigeria aho yagiye guhamvya umurwi wa Enugu RANGERS

Ntitworangiza tutabibukije ko umurwi Vital’O wo mu gihugu c’Uburundi uno musi kw’isaha umunani ku masaha yo mu Burundi ariho uza gutana mu mitwe n’umurwi wa Rayon Sports yo mu gihugu c”Urwanda mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya CECAFA “Kagame Cup”


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.