IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Studio yo mu kigo c’abamenyeshamakuru yuguruwe

Studio yo mu kigo c’abamenyeshamakuru yuguruwe

mercredi 10 Ruheshi 2015

Ingingo y’ukwugara studio iri mu nyubakwa ikigo c’abamenyeshamakuru yakuweho, ariko amaradiyo nka Bonesha, RPA (Bujumbura-Ngozi), Isanganiro, Renaissance na Iwacu Humuriza FM, akaba adafise uburenganzira bwo kuhakorera.

Nk’uko iyo ngingo yateweko umukono na Valentin Bagorikunda umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, studio iri mu kigo c’abamenyeshamakuru yuguruwe, ariko ku mvo z’amatohoza, amaradiyo yigenga ariyo Bonesha, RPA (Bujumbura-Ngozi), Isanganiro, Renaissance na Iwacu Humuriza FM ntaburenganzira afise bwo kuhakorera.

Tukabibutsa ko amaradiyo amwe amwe yigenga yatewe, amwe araturirwa ibiriyo birasha biratokombera, kugeza ubu abayakorera n’abandi bamenyeshamakuru batandukanye, bakaba baciye bahunga, ku mvo z’umutekano muke wabo.


IGIHE

Messages

  • Yesu Nashimwe nukuri lmana nidufashe nayahandiho jewe ndabona kwatacoroshe noni yo stidio, izocikoreramwo bande? Rma efeme kwatayivuze nukurabafati ngingo barakwiye gufatingingo yubahiriza bose kugir, lmana, ibandanye kuduhangaza kandi tubandanye kwiyeza

  • Yesu Nashimwe nukuri lmana nidufashe nayahandiho jewe ndabona kwatacoroshe noni yo stidio, izocikoreramwo bande? Rma efeme kwatayivuze nukurabafati ngingo barakwiye gufatingingo yubahiriza bose kugir, lmana, ibandanye kuduhangaza kandi tubandanye kwiyeza

  • Ubwo umuntu yigezekuvugako abamenyeshamakuru bamwebamwe bomuburundi bavuguvugo zisa nogutema ishami ryigiti uryicayeko ubwontivyoba barabashikiye gayemwe nimumfashe gusorongora ababishoboye. Ariko harihonabavugango: Akataretse ngokabagasema, none mumbonera amasahamakeya yaheze bateye kudeta Nkurunziza naretayiwe abamenyeshamakuru bobo bi Burundi ntavyabakozeko? Canketuvugeko bawucanye ucuzigiza ivyomuma studio bawucishamwo mukuwukwiragiza mugihugu. (uwuzowucana uzihera muzuyiwe uzimire munzuyiwe)

  • Erega umugambi numwe none yobura kutabisinyira?reka ingoma zihinduke amaradiyo yose akore basha nukuri namba mucumvira peter karababanye abafise ubwenge bamuvuye inyuma ntera akamo abamusigaye inyuma dore kura ikireta kumaso nyabuna ejo ntihazobe ati iyomenya.

  • nukuri cabu cawe bago ntanumwe ukunda nne ukundiki wwe nduva ko nimana atayukunda mwabamenyesha makuru imaniriho harumusi nawene azomenya kwiman iriho

  • mb kumengo ben’iyo studio ntaburenganzira bahaw bwokuhakorera bayuguruy ngo ikoreremwo bande?buce tubireb

  • Hanyumangwashakamatora Ananiwe Nokwugururamaradiyo Yaturiye !

  • Nibarabe Ibibazo Biri Mugihugucuburundi Babitunganye Kukot,uraziko Mugihuguc,uburu Kokirimw,abagabo,

  • iyo ninkinamico kandi ikibazo kiguma aricakindi kuko rema fm ntiyizew nabose

  • Aho hoho ntaco bakoz!nind azokumviriz ayo maradio ya cndd fdd?aho ho yihenz can sinzko mugufata iyo ngingo yoba yashizmwo ubweng?abigir abanyabweng nibo usang aribo bijuj!

  • Kwugaramaradiosivyobikuru Najinamanabarndiababazekoyokwitozahamanatwetwumwankirekkontakzakiwazikwicabobatavugarumwgusandamuhayenanjecartrouge

  • icosaba.nibugurure.amaradio.akore.bankiki?

  • kwugara amaradiyo siwo muti w’ibibazo turmwo ahubwo nimba bananiwe nugutwara nibashikirize abandi baturekere amaradiyo yacu kuko umumenyesha makuru we avuga ivyo yiboneye ubwiwe

  • Ivyuburundi biragoye!non izozindiradiyo mgozoba zagirizwa iki?

  • hahaha bagomba hakorer rema fm abarundi twicwe nububeshi ntitumeny ukuri

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.