Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani :Abarwanya ubutegetsi bw’Igihugu baraguye ibitero vyabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani :Abarwanya ubutegetsi bw’Igihugu baraguye ibitero vyabo

Sudani :Abarwanya ubutegetsi bw’Igihugu baraguye ibitero vyabo

dimanche 28 Ndamukiza 2013

Abarwanya ubutegetsi bwomu Ntara y’igihugu ca Sudani yasinzikajwe n’ingwano ya Darfur, barateye igisagara kiri mu ntara ihana urubibe n’intara ya Darfur ya Kordofani yo mu buraruko ejo ku musi wa gatandatu, mu vyatumye ingwano yegera umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum.

Umuvugizi w’umurwi Justice and Equality Movement, yatangaje kw’ico gitero mu gisagara ca UM Rawaba kiri mu mugambi w’uwo murwi w’ugutembagaza Leta ya Sudani.

UM Rawaba n’ico gisagara kigira kabiri mu bunini mu Ntara ya Kordofan yo mu buraruko,nta bikorwa vy’abarwanya ubutegetsi vyari bwabera mu ntara ya Kordofani yo mu buraruko nkuko ibintu bimeze mu ntara ya Darfur na Kordofani yo mu bumanuko.

Yamara ababa mu gisagara ca UM Rawaba batangaje kw’abarwanya ubutegetsi basahuye isoko ejo ku musi wa gatandatu inyuma yuko binjiye muri ico gisagara mu modoka mirongo ibiri canke zirenga.

Igisirikare ca Sudani cagiriza abarwanya ubutegetsi ko basambuye umunara werekeye ivy’uguhanahana amakuru, ikibanza gitanga umuyagankuba, na station ya essence.

JPEG - 24.6 ko

Umurwi, Justice and Equality Movement uri mu runani rw’abarwanya ubutegetsi bava mu ntara za Kordofan yo mu bumanuko na Blue Nile zihana urubibe na Sudani yo mu bumanuko.

N’umwe mu mirwi ibiri ikomeye yatanguje umugumuko w’ugutembagaza Leta ya Perezida w’igihugu ca Sudani, Omara al-Bashir mu mwaka w’2003.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.