Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu

Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu

dimanche 8 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu ca Sudani ya Ruguru, yatangaje igenwa ry’ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu. Omar el Bechir akaba amenyesha ko,yahinduye Reta mu ntumbero yo kugira Reta nshasha.

Bakri Hassan Saleh yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’ukwivuna abansi, akaba ariwe yagenywe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe
Hassabo Mohammed Abdel Rahmane nawe yagenywe kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Ivyo rero bikaba binemezwa n’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu Bechir. Ivy’iryo hinduka rya Reta, bikaba vyari vyitezwe kuko vyari bimaze iminsi arirwo rukurukuru ruvurwa aha na hariya, mu gihugu ca Sudani ya Ruguru. Abdel Rahmane rero akaba yarigeze kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu, eka ndetse akaba ari no mubafashije Bechir gushika ku butegetsi, abanje gutembagaza ubutegetsi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.