Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani: Igisirikare cishe abagwanyi barenga 50 mu bumanuko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani: Igisirikare cishe abagwanyi barenga 50 mu bumanuko

Sudani: Igisirikare cishe abagwanyi barenga 50 mu bumanuko

samedi 12 Nzero 2013

Nk’uko amakuru ava mwitororokanirizo ry’abafaransa AFP abivuga,igisirikare ca Sudani kimenyesha yuko cishe abagwanyi barenga 50 mu ntambara zabereye mu ntara zo mu bumanuko bwa Sudani, inyuma y’ibitero vyagizwe n’abo bagwanyi bakaba baciye bakurikiranwa n’abasirikare ba Sudani.

Nk’uko itangazo ry’igisirikare ca Sudani ryabimenyesheje mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Nzero umwaka wa 2013,abagwanyi barenga 50 barapfuye abandi barakomereka.

Izo ntambara zabereye ku birometero 15 mu bumanuko bwa Kadougli, umugwa mukuru w’intara yo mu bumanuku bwa Sudani, nk’uko ayo makuru abandanya avyemeza.

Iryo tangazo ribandanya rimenyesha kandi ko ico gitero cagizwe n’abagwanyi bahurikiye muco bise «Front révolutionnaire» abo nabo bakaba ari imihari ine yagiye hamwe mu kwezi kwa Munyonyo umwaka w’2011,imihari itatu ikaba igwaniriza hamwe Reta ya Sudani mu karere ka Darfour yo mu burengero,umuhari ugira kane nawo ukaba ugwanira mu ntara za Kordofan na Nil Bleu zo mu bu manuko bw’ico gihugu.

Izo ntara za Kordofan na Nil Bleu ziri ku rubibe igihugu ca Sudani gihana na Sudani y’amaja epfo zikaba zimaze igihe ari urubuga rw’intambara hagati y’’abasirikare ba Reta n’imihari igwana.Igice c’abo bagwanyi cari ku ruhande rwa Sudani y’amaja epfo mugihe c’ingwano yatanguye mu 1983 gushika mu 2005 yatumye Sudani igaburwa mwo ibihugu bibiri.

Abanyagihugu barenga 900.000 bakaba bamaze guhunga izo ntambara mu ntara za Kordofan na Nil Bleu abandi nabo ivyabo birononekara.

Ni muri iyo ntumbero umukuru w’igihugu ca Sudani Omar- el Béchir na mugenzi we wa Sudani y’amaja epfo biyemeje kw’igenekerezo rya 5 Nzero uyu mwaka i Addis Abeba ko bagiye gushira mungiro amasezerano ajanye n’ivyo kugabura ibibanza birimwo ibitoro,abantu bakaba biteze ko ukutunvikana hagati y’ivyo bihugu kugiye kurangira.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.