Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Ibiganiro vyasubiye gutangura ukuri kwamye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Ibiganiro vyasubiye gutangura ukuri kwamye

Sudani y’Epfo : Ibiganiro vyasubiye gutangura ukuri kwamye

mardi 5 Myandagaro 2014

Inyuma y’aho igenekerezo ryobereyeko ibiganiro vyotuma amahoro aboneka mu gihugu ca Sudani y’Epfo ryegerejwe inyuma, ivyo biganiro ubu biriko biraba ukuri kwamye.

Ku va kuri uyu wa 4 Myandagaro, ivyo biganiro bikaba biriko biraba ukuri kwamye bihagarikiwe na IGAD (intergouvernementale sur le développement). Ibiganiro vyotuma intambara zimaze iminsi zigisibije muri ico gihugu ca Sudani y’Epfo zihagarara, bikaba bimaze kuba bitari bike, bimwe bigahuza umukuru w’ico gihugu ubwiwe hamwe n’uwurwanya ubutegetsi bwiwe, canke bigahuza intumwa zabo, nk’uko ubu biriko biragenda.

Mwomenya ko abantu batari bake bamaze kwitaba Imana bahitanywe n’izo ntureka zifatiye ku macakubiri y’amoko hamwe na poritike, abandi nabo bagera ku muriyoni n’igice bakaba abamaze guta izabo barahunga, aho basagirijwe n’ubukene butandukanye n’indwara z’ivyaduka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.