Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’epfo : Salva Kiir yiteguriye kuganira n’uwo batavuga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo : Salva Kiir yiteguriye kuganira n’uwo batavuga (...)

Sudani y’epfo : Salva Kiir yiteguriye kuganira n’uwo batavuga rumwe

vendredi 20 Kigarama 2013

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abakora mu gisata co gucukura ibitoro mu buraruko bw’igisagara ca Bentiu basavye ubuhungiro ku cicaro c’iryo shirahamwe mpuzamakungu.

Igisirikare co muri Sudani y’epfo kiremera ko catakaje igisagara ca Bor muri Jonglei, inyuma y’intambara zikomeye zahabereye.
Amakuru dukesha BBC amenyesha ko indyane zatanguriye ku murwa mukuru Juba, zimaze guhitana abantu 500, kandi ko hari ubwoba ku banyagihugu basanzwe ko bashobora gusubiranamwo.

Ku munsi w’ejo kuwa kane ku mugoroba, vyari bitegekanijwe ko hari umurwi w’intumwa z’abanyafrika bari gufata urugendo baja i Juba, kugira barabe ko boshobora kwumvikanisha impande zihanganye, zikaganira.

Umukuru w’igihugu Salva Kiir yagiriza uwo batavuga rumwe Machar ko yashatse gutembagaza ubutegetsi, ariko Machar akaba abihakana. Umukuru w’igihugu Kiir amenyesha ko yiteguriye kuganira na Machar, basanzwe batavuga rumwe, nk’uko amakuru ava aho muri ico gihugu abandanya abimenyesha.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.