Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’epfo : Ubutungane bwemeye kudakurikirana bamwe mu barwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo : Ubutungane bwemeye kudakurikirana bamwe mu barwanya (...)

Sudani y’epfo : Ubutungane bwemeye kudakurikirana bamwe mu barwanya ubutegetsi

vendredi 25 Ndamukiza 2014

Umushikiranganji w’ubutungane muri Sudani y’epfo yamenyesheje kuri uwu wa kane ko yasavye ukudakurikiranwa mu butungane ku bahoze ari abanyacubahiro bane. Bakaba bari bagirizwa gushaka gusenyura inzego.

Iyo ngingo ikaba yafashwe mu ntumbero yo kuganira no gusubiza hamwe kw’abanyesudani. Umushikiranganji w’ubutungane Paulion Wanawilla avuga ko agiye kwandikira sentare kugira ntibandanye ikurikirana abo bahora bagirizwa icaha c’ugushaka gusenyura inzego bane, bakaba bashobora kurekurwa kuri uno munsi wa gatanu.
Naho biri uko, uwo mushikirangaji aributsa ko Riek Machar, umukuru w’ikiroberi kirwanya Reta na bagenzi biwe babiri aribo Taban Deng Gain na Alfred Lado Gore bagihirwa kandi bagikurikiranwa n’ubutungane. Abo bose bakaba bari mu buhungiro.

Urubanza rw’abandi bahoze ari abanyacubahiro aribo Pagan Amum, Oyai Deng Ajak, Ezekiel Lol Gatkuoh na Majak d’Agoot rwarungurujwe mu kwezi guheze kwa Ntwarante.
Ico gihugu ca Sudani y’epfo kikaba kiri mu ntambara n’indyane vyaturutse ku kutumvikana kuri hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar. Kuwa 23 Nzero hakaba haratewe umukono ku masezerano yo guhagarika intambara naho atahavuye akurikizwa. Mu mpera z’uku kwezi kwa Ndamukiza niho hategekanijwe ko ibiganiro hagati y’abatavuga rumwe bisubira gutangura, bikaba bizobera i Addis Abeba.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.