Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo yagabishijwe hamwe yohirahira ikarenga ku masezerano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo yagabishijwe hamwe yohirahira ikarenga ku masezerano

Sudani y’Epfo yagabishijwe hamwe yohirahira ikarenga ku masezerano

lundi 2 Ruhuhuma 2015

Inyuma y’amezi 13 yose bicika mu gihugu ca Sudani y’Epfo, abapfa ubutegetsi baraye bashize igikumu ku masezerano ubugira indwi.

Imbere y’abahuza n’abamenyeshamakuru, Salva Kiir hamwe n’uwahoze ari icegera ciwe Riek Machar, bakaba bateye umukono ku masezerano y’amahoro mw’iri joro ryakeye ry’uwa 2 Ruhuhuma. Imyumvikano y’amahoro igera kuri itandatu yose ikaba yari imaze kwumvikanwako, ariko yose ukamemnga ntacashitsweko, uwo wateweko umukono buriko buraca kuri uyu wa 2 Ruhuhuma, ukaba umwumvikano ugira indw,i wo guhagarika intambara mu mwaka umwe gusa. Iyindi mikono yose, yagiye irarengwako inyuma y’amasaha make yumvikanyweko n’impande zose, intambara zikaba zaca zisubira gusutama bushasha.

Abahuza muri iyo myumvikano, bakavuga ko bagiye kuzoshikiriza impungenge zose n’igituma iyo myumvikano itaja mu ngiro inama nkuru ijejwe umutekano ya ONU kugira ubu haze hakurikire ibihano, ku ruhande rwohirahira rukarenga amasezerano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.