Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Suede : Isanganya rya Gari ya moshi yari yibwe n’umugore akora akazi ko mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Suede : Isanganya rya Gari ya moshi yari yibwe n’umugore akora akazi ko mu (...)

Suede : Isanganya rya Gari ya moshi yari yibwe n’umugore akora akazi ko mu nzu

mercredi 16 Nzero 2013

Habaye ibitangaje muri quartier y’i Stockhom mu gihugu cubu Suede. Umugore umwe akora akazi ko mu nzu yagize isanganya ritangaje kunko ibinyamakuru vyako karere vyabimenyesheje. Ngo yafashe igari ya moshi mw’idepo aho yakora aca afata iyo gari ya moshi arayitwara wenyene.

Ariko ageze aho amagari ya moshi ashikira, iyo gari ya moshi ntiyashoboye kugenda buke buke ica ija kugonga igorofa nini ifise amazu menshi.

JPEG - 176.4 ko

Iryo sanganya ryabaye mugicugu co kuri uyu wa kabiri. Iyo gari ya moshi ntamuntu numwe yararimwo kiretse uwo mukenyezi yaciye akomereka.

Igiporisi caciye kiza kumufata. Gushika ino saha ntibaramenya icatumye uwo mukenyezi agira isanganya nkiryo ngo ntibazi n’ingene yashoboye kuronka n’urufunguruzo rw’iyo gari ya moshi.


Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.