Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Suisse: yabaye iyambere mu kwitwarira Syria - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Suisse: yabaye iyambere mu kwitwarira Syria

Suisse: yabaye iyambere mu kwitwarira Syria

lundi 14 Nzero 2013

Ibihugu birenga 50, birongowe n’Ubuswisi , italiki ya 14 nzero umwaka wa 2013 vyasavye inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’itwarira Siriya muri sentare mpanavyaha mpuzamakungu bikaba bizotuma abategetsi ba Siriya barengutswa na sentare bagirizwa ivyaha vy’intamabara.

Ikigo kijejwe kumenyesha amakuru Associated Press yabonye ikete rivuga ko ishirahamwe ry’abaciye ubwenge ba ONU zabonye ko ivyaha vy’ubwicanyi bwo kugandagura abantu no gufata kunguvu abakenyezi vyakozwe muri Siriya kuva intambara itanguye muri ntwarante muri 2011.

Hagati yaho, ibitero vyarabandanije kuw’imana. Indege z’intambara za Siriya zarateye amabombe hampande y’umurwa mukuru wa Damas. Amakuru atangwa avuga ko ivyo bitero vya Reta vyashaka kwirukana abarwanya ubutegetsi bwishe abantu icenda harimwo n’abana.


Grace Irimbere

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.