Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbwa ya Obama yamaramaje umukenyezi wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imbwa ya Obama yamaramaje umukenyezi wiwe

Imbwa ya Obama yamaramaje umukenyezi wiwe

vendredi 6 Kigarama 2013

Sunny, imbwa yo mu muryango wa Barack Obama, haraho ikara rimwe rimwe. Igihe iyo mbwa yari yakiriye inabuja Michelle Obama, yacuranguje hasi akana k’agakobwa k’imyaka ibiri, karwa hasi katirwaniye na gato.

Kuri uwo mugoroba, Michelle Obama yariko atembereza imiryango y’abasirikare muri "Maison Blanche", abereka ingene iyo ngoro bayisharije mu kwitegurira umunsi mukuru wo guhimbaza ivuka rya Yezu. Aha bageze mu cumba ca mbere, ngiyo Sunny, imbwa yiwe itembagaje agakobwa k’imyaka ibiri, iteza isoni umugore w’igihangange Barack Obama. Ivyo vyabaye hari haheze akanya, Sunny isa n’iyitekanye, igendera hafi ya Ashlyn Gardner, umwana w’imyaka ibiri.

Iyo mbwa yo mu muryango wa Obama yagomvye gukinisha ako gakobwa, nako kagira ubwoba ije ikagana, karwa igihumura, kikubita hasi imbere y’imiryango y’abasirikare bariko bagenzura iyo nyubakwa, baraba ingene ingoro ishajije. Michelle Obama abibonye yuzura ubwoba n’isoni, yirukana iyo mbwa maze yakira uwo mwana aramuhendagiza.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.