Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Swaziland: Umwami Mswati yabiriye umugore agira 14 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Swaziland: Umwami Mswati yabiriye umugore agira 14

Swaziland: Umwami Mswati yabiriye umugore agira 14

samedi 21 Nyakanga 2013

Mu gihugu ca Swaziland, umwami w’ico gihugu Mswati wa gatatu, akaba aherutse kwerekana uwundi mukenyezi wiwe agira icumi na kane, uyo nawe akaba yamwerekanye mu birori vy’igihugu vy’imico n’akaranga.

Uyo mwami Mswati wa gatatu akaba yatoye umwe muri babigeme batorwa ko ari beza, umwigeme w’imyaka 18 yitwa Sindiswa Dlamini. Uyo mw’igeme yatewe iteka ry’ukwitwa umutambukanyi w’umwami, akaba yari yatowe kuba umwigeme mwiza kandi w’uburanga mmw’ihiganwa ry’uyu mwaka w’2013-2014. Akaba ariho yaragiheza amashure yisumbuye mw’ishure ryigenga ryitiriwe umweranda Faranswa.

Muri ayo mahiganwa rero hakaba abigeme bariko barahiganwa kuba beza, baba bambaye ubusa mu gikiriza, amabere ari hejuru, amatako aboneka, eka ndetse n’ivyicariro. Ivyo birori rero bikaba bituma umwami ashobora guca acagura umwe muri abo bigeme bakiri amasugi baba bariko baratambuka neza imbere yiwe. Ivyo birori rero, bikaba vyatanguye kwemezwa n’umwami haheze imyaka indwi.

Mu mwaka w’2005, Mswati wa gatatu, yarongoye akana k’akigeme k’imyaka 17 gusa, ivyo bibabaza abatari bake mu banyagihugu ndetse bikaba vyaratewe ivyatsi n’abatavuga rumwe na Leta. Ubu rero umwami akaba arongora utwigeme tukiri duto, ndetse ugasanga abo bana barutwa n’abo yavyaye mu myaka.


Aristide Nizigire

Messages

  • None uyo Mswati mwumva adafise ikibazo ca obsession sexuelle?!Ni ukumusengera akazaronka agakiza akareka kwngiza utwana ngo ararondera zabagore!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.