Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO isaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa atakirinze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SYGECO isaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa atakirinze (...)

SYGECO isaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa atakirinze gusabwa

vendredi 30 Rusama 2014

Sendika y’abadandaza SYGECO isaba irekurwa rya Petero Karaveri Mbonimpa atakirinze gusabwa, nk’uko bishikirizwa na Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 30 Rusama, uwurongoye sendika SYGECO yibukije ko Petero Mbonimpa arongoye ishirahamwe APRODH yitangira abanyagihugu bimwe biboneka na cane cane ko yafashije ba bapfasoni badandariza ibitenge mw’isoko kwa Siyoni igihe banyarwa ibidandazwa vyabo n’ikigo OBR.
Mu gisata c’abadandaza barabonye ko ari umushingantahe aseruka rukamvye kuko igihe abapfasoni bahura n’ingorane, Petero Mbonimpa yagumye abiruka inyuma muri BSR akurikirana ikibazo cabo, nk’uko bivugwa na Audace Bizabishaka arongoye SYGECO. Muri ico gihe yaguma agerageza guhanura impande zose yaba urw’abadandaza hamwe n’uruhande rw’ikigo gitangisha amakori OBR. Muri sendika SYGECO baremeza ko arwanira agateka ka muntu, bihweje ivy’abarundi benshi bashikiriza mu bice bitandukanye vy’igihugu.

JPEG - 14.7 ko
Audace Bizabishaka arongoye SYGECO

Muri sendika SYGECO basaba ubutungane kurekura Petero Karaveri Mbonimpa atakirinze gusabwa. Basaba kandi ko ubutungane bwokora amatohoza akwiye kuvyo yashikirije, kugira ashobore gusubira mu mirimo yiwe yo gufasha abarundi kuko akenewe cane. Ikindi kandi bavuga ko yorekurwa kugira igihugu cikureko iceyi co gushirwa ku rutonde rw’ibihugu bidakingira kandi bitubahiriza abaharanira agateka ka zina muntu.

Tubibutse ko Petero Karaveri Mbonimpa amaze iminsi 13 mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa ivyaha bibiri, uguhungabanya umutekano mu bihugu bibiri ic’Uburundi n’igihugu ca Congo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.