Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SYGECO isaba uwuvyipfuza wese gufasha abadandaza bo mu Kayanza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > SYGECO isaba uwuvyipfuza wese gufasha abadandaza bo mu Kayanza

SYGECO isaba uwuvyipfuza wese gufasha abadandaza bo mu Kayanza

mardi 3 Ruheshi 2014

Sendika y’abadandaza SYGECO isaba umuntu wese w’impuhwe, kandi avyipfuza ko yogarukira ku badandaza bo mu ntara ya Kayanza baherutse kuburira ibidandazwa vyabo muri iyo soko yahiye igatokombera.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Audace Bizabishaka arongoye sendika SYGECO amenyesha ko bibabaje cane kubona amasoko yama asha mu Burundi. Muri sendika SYGECO bavuga ko kuva ivyo vyago bibaye, baciye bashiraho umurwi ujejwe kwiga izo ngorane (comite de gestion de crise) kugira barabire hamwe ico bofasha abadandaza bo mu Kayanza.

Sendika SYGECO imenyesha ko mu ntumbero yo gufasha abo badandaza buguruye n’ikonte nimero 41936 /01 bise Solidarité marché kayanza, mw’ibanki BANCOBU.
Iyo konte nayo niyo kugira umuntu avyipfuza canke amashirahamwe, bashobore gufasha baciye kuri yo. Sendika SYGECO isaba umuntu wese w’impuhwe kugarukira kuri abo badandaza baburiye ibidandazwa vyabo mw’isoko yo mu Kayanza.
Kubera ko abakora urudandazwa ari iyo soko benshi usanga ari abantu bato bato batize, vyari bikwiye ko Reta ifasha kugira abadandaza bigishwe gukingira ibidandazwa vyabo mu mashirahamwe ajejwe gukinga impanuka.

Audace Bizabishaka ahamagarira abo bose vyega gukorera hamwe kugira abadandaza baburiye ivyabo bashumbushwe biciye mu mashirahamwe yo gukinga impanuka. Muri sendika SYGECO basaba kandi abarongoye Uburundi ko botunganya ibiganiro vyugururiye abantu bo mu bisata bitandukanye, kugira barabire hamwe igituma amasoko yo mu Burundi aguma aterwa n’imiriro.

Tubibutse ko isoko ya Kayanza yahiye igatokombera kuwa 30 Rusama 2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.