Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sygeco yitwaye muri sentare ijejwe ibwirizwa nshingiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Sygeco yitwaye muri sentare ijejwe ibwirizwa nshingiro

Sygeco yitwaye muri sentare ijejwe ibwirizwa nshingiro

vendredi 17 Nzero 2014

Amabanki nahagarike kugurisha ingwati icamunara kuko agahombo ari kenshi cane ku badandaza, ni muri iyo ntumbero Sendika Sygeco ihurikiyemwo abadandaza yitwariye itegeko ryo ku mwami ryo ku wa 21 Munyonyo 1925 rijanye n’ivyo kugurisha ingwati, bivugwa na Audace Bizabishaka arongoye iyo sendika.

Sendika sygeco (Syndicat général des commerçants) yaritwariye itegeko ryo ku wa 21 Munyonyo 1925 muri sentare iraba ibwirizwa shingiro. Nk’uko bivugwa na Audace Bizabishaka mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, avuga ko bisunze ingingo ya 52 y’igitabo code civil, ama banki ntiyarakwiye kuvyaza inyungu ku zindi. Ariko rero icibonekeza n’uko ayo ma banki aguma yirengangiza iyo ngingo. Bisunze kandi iyindi ngingo itandukanye n’ibwirizwa nshingiro n’uko mw’itegeko ry’umwami ryo kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo 1925 mu ngingo ya 10 akarongo kayo ka 3 rivuga ko umushikirizamanza mukuru w’umwami ariwe ashira mu ngiro, ivyekeye ivyo kuvyaza inyungu ku zindi. Audace Bizabishaka avuga ko iyo ngingo itandukanye cane n’ingingo ya mbere yo mw’ibwirizwa shingiro, ivuga ko Uburundi ari igihugu c’ikukiye ko Uburundi butakiri ubwami.

Muri sendika sygeco bakavuga ko no mu nama rukokoma yabereye i Gitega bari basavye ko iryo tegeko rihinduka, agira :’’Ariko rero icibonekeje, amabanki yibajije ko iyo ngingo igiye guhinduka, yaciye yiruka n’umwanya mu kugurisha izo ngwati imbere y’uko iyo ngingo ihinduka.’’

Muri sendika Sygeco bakaba barangiza bamenyesha ubuyobozi buraba ivy’amatongo (titre foncier) ko bituye sentare iraba ibwirizwa shingiro kandi ko basaba ko bahagarika igurishwa icamunara na cane cane ko hari irya ritegekanijwe, kuri uno munsi wa gatanu igenekerezo rya 17 Nzero. Agahombo rero ngo ni kenshi ku badadandaza, kuko ayo ma banki agurisha ingwati igikubikubi, badaharuye ayo umuntu aheranye hamwe n’ayo amaze kuriha ninaco gituma akenshi usanga ari ayo ma banki nyene yiguriye izo ngwati.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.