Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Abantu 300 bari bafashwe n’umurwi w’abajihadiste barekuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Abantu 300 bari bafashwe n’umurwi w’abajihadiste barekuwe

Syria : Abantu 300 bari bafashwe n’umurwi w’abajihadiste barekuwe

mardi 7 Ndamukiza 2015

Abantu bagera ku 300 bari bafashwe n’umurwi w’abarwanyi mu gihugu ca Syria, barekuwe nk’uko aya makuru yemezwa n’aba Kurdes baba mu gace ka Ibleb, mu Buraruko bushira Uburengero bwa Syria.

Abo banyagihugu bari bafashwe bakaba barekuwe kuri uyu wa mbere uheze, inyuma yaho habanje kurekurwa aba jihadiste batatu bari bafashwe n’abasirikare b’aba kurdes nk’uko vyemezwa na Nawaf Khalil, umuvugizi w’umugambnwe wa PUD (Parti de l’union démocratique) usanzwe ukorera mu bihugu vya Buraya. Intagondwa z’abajihadiste zisanzwe zunze ubucuti n’umuhari wa Al-Nosra, zikaba zikomeye mu karere ka Idleb, aho izo ntagondwa zisanzwe zisa n’iziharwanira kugira zihagire ikirindiro gikomeye.

Amakuru y’irekurwa ry’abo banyagihugu bagera kuri 300; akaba ryanezereje abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aho mu gihugu ca Syria. Tukabamenyesha ko haheze imyaka ine, igihugu ca Syria kiri mu mirwano idahera; aho abanyagihugu batari bake, bamaze guta izabo, baguhungira mu mihingo itandukanye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.