Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: Abantu barahunga igisagara ca Banias - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Abantu barahunga igisagara ca Banias

Syria: Abantu barahunga igisagara ca Banias

samedi 4 Rusama 2013

Intambara ziriko zirabera muri Siriya biravurwa ko imiryango y’abantu iharurwa mu majana iriko iragerageza guhunga igisagara ca Banias kiri kw’ibahari inyuma yaho hiciwe abantu incuro zibiri zose mu minsi iheze.

Hari amakuru avuga ko igisoda ca Leta kiriko kirabuza abo abo banyagihugu guhunga kugira ntibinjire mu gisagara ca Tartous ku buryo gushika ubu abo banyagihugu bagumye bahagaze mu nzira yegereye ibahari.

Amasanamu yabonetse ku buhimga ngurukana bumenyi, bivurwa ko yafashwe mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu asa n’ayerekana abantu bishwe mu mwanya muto mu gace k’igisagara ca Banias, kibamwo abantu bari mw’idini rya Islam b’abasuni.
Abantu bagera kuri 200 barimwo n’abana biravugwa ko bishwe, bamwe muribo bakaswe amazosi.

Imbonesha kure ya Leta yo muri Siriya yatangaje ko muri ako karere hari ibikorwa vya gisirikare kandi ko hari ibirwanisho vyinshi vyafashwe.


Joel Sengurebe

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.