Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: Abarwanya Leta bahagaritse indwano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: Abarwanya Leta bahagaritse indwano

Syria: Abarwanya Leta bahagaritse indwano

vendredi 20 Nyakanga 2013

Umurwi w’abarwanyi witwa Islamic State uba muri Iraq no muri Syria, ukorana n’umutwe w’ al-Qaeda, wafashe igisagara ca Azaz kuwa gatatu inyuma y’imirwano bagiraniye n’umurwi witwa Free Syrian Army ushigikiwe n’ibihugu vy’i Buraya n’ Amerika.

Amakuru dukura kuri BBC Gahuzamiryango avuga ko mu karere hafi y’urubibe rwa Turukiya, avuga ko imirwi yose ukwo ari ibiri yemeye guhana impfungwa no gusubizanya imitungo. Iyo mirwi yanemeye gukurikiza ivyemezo vyafashwe n’urukiko rwa sharia rukorera muri ico gisagara.

BBC ibandanya ivuga ko bitaramenyekana neza niba ihagarika ry’iy’imirwano rizogira ingaruka hagati y’iy’imitwe iri ahandi mu gihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.