Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Amatohoza arabandanya ku vyerekeye ibirwanisho vy’ ubumara (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Amatohoza arabandanya ku vyerekeye ibirwanisho vy’ ubumara (...)

Syria : Amatohoza arabandanya ku vyerekeye ibirwanisho vy’ ubumara bikoreshwa

mercredi 25 Nyakanga 2013

Abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, bashitse mu gihugu ca Syria, intumbero y’urwo rugendo akaba ari iyo kubandanye amatohoza yabo ku vyerekeye ibirwanisho vy’ubumara vyoba bikoreshwa n’ico gihugu.

Abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bishikiye ubugira kandi i Damas kugira bakurikirane amatohoza ku bitero vy’ubumara vyakozwe kuva intambara itera. Icegeranyo casohotse inyuma yo kugira amatohoza muri ico gihugu kugira birabire ko ivyo bigwanisho vyakoreshejwe, mu cegeranyo ca mbere catanzwe basanze igihugu ca Syria gikoresha ubumara bw’ ivyuka vyitwa Sarin. Uwo murwi urongowe n’umunyaswede Aake Sellstrom, uzonatohoza ku bindi birego vy’ ico gihugu ca Syria ku bitero vyo muri Syria muri aya mezi 30 bari mu ntambara. Rikaba rigize kabiri abo bagenduzi ba ONU bakora urugendo muri ico gihugu mu mezi abiri gusa.

Mu kwezi kwa Myandagaro, igihe bari mu matohoza ya mbere yamara imisi 4, bari bagiye ahabereye ibitero vyo kuwa 21 Myandagaro i Damas. Ico cegeranyo cerekanywe mu kwezi kwa Nyakanga 16 muri ONU, camenyesheje ko i Damas ivyuka vy’ubumara bita Sarin vyarakoreshejwe. Hari kandi ivyagiriji vyamaze gutwarwa mu bunyamabanga bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuva mu kwezi kwa Ntwarante. Ivyagiriji bishika kuri 13 bikaba arivyo bizosuzumwa nk ‘uko bimenyeshwa n’ikinyamakuru AFP.

Uwo murwi ukaba wibaza ko mu kwezi kwa Gitugutu uzoba wahejeje gutanga icegeranyo ku vyagirizwa ico gihugu vyose. Igitero co kuwa 21 Myandagaro aho abarwaanya ubutegetsi muri co gihugu hamwe n’ibihugu vy’abanyaburaya bavyegeka kuri Leta aya Bachar al Assad ko ariyo yoba yarakoze ivyo bitero, Washington n’ igihugu c’ Ubufaransa bari batangaje ko biteguye gutera igihugu c’Ubufaransa.

Leta ya Syria yabeshuje ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara mu kwica abanyagihugu ico gihugu nyene caremeye hagati y’uku kwezi kwa Nyakanga turimwo, umugambi w’abarusiya wo gusangangura ivyo birwanisho, naho uko bizogenda bitaramenyekana neza. Ayo masezerano akaba ari nayo yasubije ingingo y’ibihugu vyashaka gutera igihugu ca syriya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.