Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Icegeranyo c’ibirwanisho gitunze vy’ubumara catanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Icegeranyo c’ibirwanisho gitunze vy’ubumara catanzwe

Syria : Icegeranyo c’ibirwanisho gitunze vy’ubumara catanzwe

samedi 21 Nyakanga 2013

Igihugu ca Syria cerekanye icegeranyo c’ibirwanisho ruhonyanganda gifise, inyuma yaho ico gihugu cagirijwe n’ibihugu vya Buraya na Amerika ko arico cakoresheje ibirwanisho birimwo uburozi mu banyagihugu.

Kuri iri genekerezo rya 21 Nyakanga uyu mwaka, akaba ariyo sango yanyuma ico gihugu cari cahawe, mu masezerano hagati ya Leta zunzubumwe z’Amerika yo ku wa 14 nyakanga, vyamenyeshejwe na OIAC ishirahamwe rigwanya ibirwanisho vy‘ ubumara.

Ishirahamwe OIAC ryemeje ko ryashikirijwe urutonde rw’ibirwanisho vy‘ubumara bisanzwe vyarakoreshwa n’igihugu ca Syriya, iryo shirahamwe rikaba ryabimenyesheje ikinyamakuru AFP mu butumwa ku muhora ngurukanabumenyi. Ibiro vy‘umunyamabanga ajejwe ubuhinga aho muri OIAC bikaba vyatanguye gusuzuma ayo makuru baronse.

Iryo shirahamwe OIAC ryaciye ryegeza inyuma inama nyobozi yategerezwa kuba ku musi w’ Imana kugira bavugane ku kibazo cerekeye gusangangura ivyo birwanisho vy ‘ubumara vya syriya. Mu masezerano igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika yagiranye n’Uburusiya ku vyerekeye gusangangura ibirwanisho vy‘ubumara bateye ko igikumu ku wa 14 Nyakanga aho bayakoze, mu nyuma yaho Leta y ‘i Washngton yariko ishaka gutera igihugu ca Syriya, muri ayo masezerano baremeranije ko igihugu ca Syriya coba catanze ibirwanisho vyose vy ‘ubumara gifise mu ntumbero yo kubisangangura hagati y‘umwaka wa 2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.