Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria: igitero ca Amerika ’cofasha al-qaeda ’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria: igitero ca Amerika ’cofasha al-qaeda ’

Syria: igitero ca Amerika ’cofasha al-qaeda ’

lundi 2 Nyakanga 2013

Jermy Bowen, icegera ca ministre wa mbere wa Syria Faisal Mekdad yavuze ko iterabwoba rizoca rikwira hose hamwe Leta Zunze Ubumwe za Amerika zotera Syria.

Syria yemeza ko igitero icarico cose ca Leta zunzubumwe z’ Amerika coza gishigikira al-Qaeda n’abo bakorana. Uwo mutegetsi wo muri Leta ya Syria yanabwiye BBC ko imirwi yitwaje ibigwanisho ishigikiwe na Amerika atari abasoda ba Syria yakoresheje ibigwanisho vy’uburozi. Leta zuzubumwe z’Amerika zemeza ko zifise ivyemeza ko Leta ya Syria yakoresheje uburozi bwitwa sarin mu gitero camaze abantu mu kwezi kwa Myandagaro.

Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Obama yararahiye ararengwa ko hategerezwa kuba igikorwa co guhana Leta ya Syria. Ico gitero kivugwa cabaye ku wa 21 Myandagaro ku nkengera za Damas. Amerika yemeza ko hapfuye abantu barenga 1.400 harimwo abana 426. Leta y’ubufaransa nayo kuri uyu wa mbere irashikiriza inama nshingamateka ivyo nayo ivuga ko ari ivyenmeza ko habaye igitero c’uburozi.

Abantu baguma baba benshi basaba umukuru w’Ubufaransa Francois Hollande gusaba inama nshingamateka gutora ingingo yo kumuha uruhsusha rwo gutera Syria nk’uko vyabaye mu Bwongereza kandi bigiye kuzoba muri Leta zunzubumwe z’Amerika. Inama nshingamateka y’ubufaransa izoharira ico kibazo ku wa gatatu. Intambara yo muri Syria hagati ya Leta n’imirwi yitwaja ibigwnaisho imaze imyaka ibiri ikaba imaze guhitanma abantu barenga ibihumbi 100, abarenga umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana indwi nabo ubu bakaba ari impunzi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.