Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Syria : Imfashanyo ya mbere ya ONU irashikira abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Syria : Imfashanyo ya mbere ya ONU irashikira abanyagihugu

Syria : Imfashanyo ya mbere ya ONU irashikira abanyagihugu

samedi 8 Ruhuhuma 2014

Imfashanyo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU irashikira abanyesiriya bo mu gisagara c’i Homs kuri uno wa gatandatu. Ivyo bikaba vyashobotse kubera amasezerano yo guhagarika ingwano mu minsi itatu yateweko igikumu hagati ya Reta n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kugira borohereze igikorwa co gutabara ,imfashanyo zishobore gushikira abanyagihugu.

Kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2014, imfashanyo yihutirwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU irashikira abanyesiriya bo mu gisagara ca Homs. Amakuru ava muri Reta avuga ko vyose bikwiye kugira batangure gutanga iyo mfashanyo, n’imiduga icungerewe neza ikaba yiteguye kwinjira muma karitiye asanzwe yari yasinzikajwe n’intambara.

Kubw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, hakenewe imfashanyo yihutirwa ku bantu bagera ku 2500. Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’imfungurwa, ibikoresho vyo kwa muganga n’ivy’isuku, amamatera, ibintu vyo kwifuka, hamwe n’amafaranga n’ibindi bikoresho, ivyo rero bikaza gufasha mu bikorwa vyihutirwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.